Uko wahagera

Igitero cya FNL i Bujumbura Cyahitanye Umucivil Umwe


Umu civil umwe yarishwe mu gitero c’amabombes cagiriwe abasirikare bacungereye umutekano wo mu bwinjiriro bwo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryo ku wa kabiri rishira uwa gatatu. Kuva igihe c’isaha zitatu irenga ko iminota mikeyi ibisasu n’amabombe vyarumvikanye cane mu gisagara ca Bujumbura.

Uyo yishwe, Ntiruvakure Pascal, yari asanzwe ari umunyezamu aho nyene mu Gihosha. Gushika mu gatondo abajejwe intwaro ntibashobora kwemeza neza abateye ab’ari bo. Umukuru wa Komine Gihosha, ari naho ico kirindiro co Kuwinterekwa giherereye, amenyesha ko muri kino gihe, uretse umuhari wa FNL- Palipehutu uzwi neza, abahora barwana bagifise ibirwanisho mu mazu iwabo.

Musitanteri wa komine Gihosha, Vincent Bacanamwo, amenyesha ko abanyagihugu bavugije induru mu nyuma y’aho baboneye uruja n’uruza rw’abantu bateye amakenga, ariko ntibatabarwa n’abasirikare. Ku ruhande rwa gisirikare, akazu abo basoda bugamamwo ku kirindiro co Kuwinterekwa karaturiwe kose. Uyo mutegetsi wo ku rwego rwohasi mu vy’intwaro yemeza ariko ko yabujijwe kuhegera, n’abasirikare bongera bamubwira ko ata cononekaye.

Umuvugizi wa w’igisirikare, Commandant Adolphe Manirakiza, amenyesha ko umurwanyi wa FNL- Palipehutu ari we yahasize ubuzima, umusoda wa FDN nawe arakomereka bidakomeye.

Inkuru ziva mu banyagihugu bo mu micungararo yo Kuwinterekwa zemeza ko abasirikare batari bake basize ubuzima kuri ico kirindiro.

Umukuru wa zone ya Gihosha amenyesha ko kugira ngo berekane ko ata ruhara bagize muri ico gitero abanyagihugu baciye begera ico kirindiro, ari naho baraye.

XS
SM
MD
LG