Uko wahagera

Mu Burundi Umwaka w'Amashuri Watangiranye Ibibazo


Mu ntango z’umwaka mushasha w’amashure, igitigiri c’abana bandikwa mu mwaka wa mbere w’amashure y’intango kiguma ciyongera. Iryo yandikwa rije ryisunga ingingo iherutse gufatwa na reta y’uko umwana wese arekuriwe kuzokwiga ata mahera y’ishure arinze gutanga.

Mu gisagara ca Bujumbura ivyirwa vyari vyategekanijwe kuri uyu wa mbere vyabaye birahagarikwa muri uyo mwaka wa mbere, kugira ngo abashaka kwiga bose babanze baheze kwiyandikisha. Ku mashure amwe amwe ubwinshi bw’abavyeyi baje gusaba ikibanza c’abana babo bwarerekanye ko babihurumbira gusumba ukwo vyahora.

Ukutazotanga amahera y’ishure vyakuye kuri bamwe umuzigo w’amafaranga 1500 ku mwana wese. Ariko rero mu bice bitari bike, nk’ivyari vyarasinzikajwe n’intambara, amakenga yo kutazoshobora kwigurira ivya ngombwa bindi nk’amakaye, amakaramu, n’umwambaro w’ishure, aracariho.

Ishirahamwe UNICEF risanzwe rifasha abana ryemeza ko rigiye kuzokwongerereza igitigiri c’amacahier ryahora rifashisha abana ba ntahonikora, hamwe no gushishikara kwubaka amashure.

Amashengero yemewe n’amategeko mu Burundi aramaze kwemeza y’uko azofasha mu gutanga ibibanza abana bashobora kuba barigiramwo, mu kurindira y’uko reta yubaka amashure yayo bwite. Mu kurindira ko inyishu y’ikibazo c’amasomero meza iboneka, harategekanijwe kwubakwa vyihutirwa amashure agizwe n’amahema.

Mu kwandika, abayobozi bashira abana imirwi kubiri bafatiye ku myaka umwe wese aba afise. Abari hagati y’imyaka indwi n’imyaka icenda bafatwa ko bari mu myaka yo gutangura umwaka wa mbere w’amashure y’intango. Abayirenza nabo bari hagati ya 10 na 14 bafatwa y’uko ari abari bararengeranye. Uyo murwi uriko urategekanirizwa ukwigishwa vyihutirwa imbere ko bavangwa n’abandi bana bo mu myaka ikurikira.

Tumenyeshe ko no mu yandi masomero itangura ry’ivyirwa kuri uyu wa mbere ritari rishemeye, kuko abarimu batari bwaronswe ivya nkenerwa nk’ingwa, ibitabo vy’umwigisha, n’ibindi.


XS
SM
MD
LG