Uko wahagera

Mu Burundi Amashuri ngo Agiye Kwibanda ku Ijambo ry'Imana, n'Indimi z'Amahanga


Umukuru w’igihugu c’Uburundi mushasha, Pierre Nkurunziza, yaramenyesheje icese y’uko agiye guha ikibanza inyigisho zijanye n’ijambo ry’Imana, no kwinjiza mu rutonde rw’ivyirwa icongereza hamwe n’igiswahili mu mashure y’intango. Ivyo President Nkurunziza yabimenyesheje icese ubwa mbere na mbere abaserukira amadini yemewe n’amategeko mu Burundi.

Uyo mubonano watangujwe wongera usozerwa n’ibisabisho vyaremeshejwe n’abaserukiye ishengero rya Catholika, Anglikani, na Islam.

Pierre Nkurunziza yashimye guhera ku banyamadini mu mibonano agiye kugira n’imirwi inyuranye mu nyuma y’iyimikwa ryiwe mu mabanga yo kurongora igihugu. Imvo ikaba iy’uko amadini yagize uruhara ruhambaye mu kuremesha abarundi mu bihe bihitiye vy’intamabara. Iyindi mvo n’ishaka ryo gukorana nayo kugira ngo ibintu bihinduke mu gihugu. Ku bw’ivyo yariyemeje icese imbere yabo y’uko imisi yose ya mbere itangura ibikorwa vy’indwi bazokwama bahura :

« Uyo musi n’umusi w’uko tuzohora dukoranira hamwe dushikiriza Imana ibizoba vyakozwe mu ndwi iba yaheze, tunongera kandi tunabamenyesha ivyo reta yiphuza gukora mu ndwi tuzoba dutanguye, kugira ngo tubisengere kandi munafashe no mu kubishira mu ngiro. »

Pierre Nkurunziza asaba abajejwe amadini ko boterera umuganda wabo mu bijanye n’indero na cane cane mu kwakira igitigiri umurengera c’abana biyandikisha ngo binjire mu mashure y’intango ya reta.

Kuva umukuru w’igihugu afashe ingingo y’uko ata mwana yiga mu mashure y’intango ya reta azosubira gutanga amahera y’ishure – minerval - igitigiri c’abana baza kwiyandikisha kiguma ciyongera gusumba ukwo vyahora.

Urutonde rushasha ruha ikibanza indimi mvamahanga nk’Igiswahiri hamwe n’Icongereza mu mashure y’indero rutegura inzira y’uko Abarundi bokorana n’abanyagihugu bo mu bihugu bisangiye akarere n’Uburundi, no kwinjira mu mashirahamwe abihuza, nka COMESA. Nk’uko umukuru w’igihugu yabimenyesheje, iyo ni imigambi izoranguka mu mwaka w’2006 hamwe n’2007 biciye mw’igabanywa ry’umwenda Uburundi bwari bufitiye amashirahamwe mpuzamakungu nk’ikigega mpuzamakungu FMI hamwe n’ibanki y’isi yose.

Uguteza imbere imyuga bizotuma abantu bakora ubuzi bunyuranye no kuronka ikibatunga mu gihe isi ndimwa yaze.

Ku bijanye no guhindura imitima y’abantu, Pierre Nkurunziza asaba abajejwe amadini y’uko boterera kugira ngo abarundi bosubize hamwe. Amadini akaba asabwa kwubahura abantu ngo bemange ibibi bakoreraniye no gusabana ikigongwe. Ico gikorwa cotangura n’aho umurwi utegekanijwe n’amasezerano y’amahoro y’ i Arusha ujejwe kuvugana ukuri no gusubiza hamwe kw’abarundi utarashingwa. Ku bwiwe vyoha abantu akaryo « ko kwibohora » mu bijanye n’amabi bakoze.

XS
SM
MD
LG