Uko wahagera

Mu Burundi Gusezera ku Bahoze Barwana Ntibyoroshye


Igikorwa co gutanga impamba y’abahora ari abacivils bacungereye umutekano (Jeunes Gardiens de la Paix) hamwe n’abafasha umuhari warwana wa CNDD-FDD kirafise ingorane zijanye n’amazina ari ku rutonde rw’abategerezwa kuyihabwa. Izo ngorane zibonekeje kuri uyu wa mbere aho ico gikorwa catangura mu ntara za Bubanza, mu buraruko bushira uburengero, hame na Muramvya, hagati mu gihugu, amaja mu burengero.

Itangwa ry’amahera ibihumbi ijana kuri umwe umwe muri abo bahora bakorera ku mpande z’abarwanyi ryari ririndiranywe igishika. Ukurindira igihe kirekire kwari kwatumye batacizeye bari bagifitiye umurwi ujejwe kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abahora ku rugamba CNDD, ari na yo mvo yatuma bagira imigumuko mu ntara zimwe zimwe z’igihugu.

I Bubanza ku 2.718 bategerezwa guhabwa ayo mahera, 2000 ni abahora barwana ku ruhande rw’umuhari CNDD-FDD. Mu ntara ya Muramvya naho bose hamwe bagera ku 1.144, muri bo aba « Jeunes Gardiens de la Paix » bakaba bashika ku 724.

Amakosa yabaye mu kugira izo ntonde yatumye amazina yabo canke ay’abavyeyi babo, canke amakomine baturukamwo binyuranywa bigatuma abajejwe ico gikorwa bo mumugambi wo kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abahora mu barwanyi batakibahaye agahembo kabo.

Ahandi naho n’uko ku ntonde zimwe zimwe basanga amazina y’abari biyandikishije atayari ku rutonde rwagizwe n’umurwi wa CNRR canke amazina amwe amwe akaba ari ay’abakozi ba reta canke abajejwe intwaro bo muri utwo turere. Inkurikizi, n’uko naho nyene abajejwe uyo mugambi baca babakura muri izo ntonde.

Tumenyeshe y’uko co gikorwa catanguye ku musi w’ejo n’ubundi cari catebejwe n’uko mu biro bijejwe ugukura mu barwanyi no kubasubiza mu buzima busanzwe batari bwashobore kuringaniza intonde ntabanduka , bakemeza ko baguma basangamwo amahinyu atari make.

Uyo murwi w’abazosubizwa mu buzima busanzwe ugizwe n’abantu bagera ku bihumbi 30, muri bo ibihumbi 20 bakaba bagizwe n’abahoze bafasha mu ngwano ku ruhande rwa reta.


XS
SM
MD
LG