Uko wahagera

Nijeriya: Abantu 35 Banyurujwe n'Abagizi ba Nabi


Abagizi ba nabi batawe muri yombi n'inzego z'umutekano muri Nijeriya
Abagizi ba nabi batawe muri yombi n'inzego z'umutekano muri Nijeriya

Muri Nijeriya abantu bashika kuri 35 gushika ubu ntibaratorwa inyuma y’aho abagizi ba nabi banyuruje abantu bari mu rugendo bava mu bugeni bwabereye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa rivuga ko iryo nyuruza ry’abantu ryabereye muri Reta ya Katsina.

Ubwo bugizi bwa nabi buje bwiyongera ku bundi bumaze imisi buba muri ico gihugu ca mbere kirimwo abantu benshi muri Afrika.

Umuvugizi w’igipolisi ca Nijeriya Abubaka Aliyu yavuze ko abasuma bakikwako ico caha, bakoze igitero kitari citezwe, banyuruza abakenyezi bari mu rugendo batahuka iwabo, bavuye mu bugeni bwabereye mu karere ka Sabuwa ku mugoroba wo ku musi wa kane.

Igipolisi cateye akamo abanyagihugu kabasa ba kwirinda ingendo zo mw’ijoro. Catangaje kandi ko inzego z’umutekano zatanguye ibikorwa vyo kurondera abo bagizi ba nabi, no gutabara abo bantu banyurujwe.

Kunyuruza abantu hagasabwa ingwati kugira barekurwe bisigaye ari ikibazo gikomeye muri Nijeriya.

Abagizi ba nabi bama bahagaritse abantu mu bibanza bitandukanye harimwo ku mabarabara makuru makuru, mu nyubakwa babamwo canke bakanyuruza abana ku mashure (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG