Muri Nijeriya abantu bitwaje inkoho banyuruje abana b’abanyeshure batandatu hamwe n’abigisha babo batatu, kw’ishure riri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu muri Reta ya Ekiti.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rivuga ko ribaye inyuruza rya mbere rikozwe ku bana b’abanyeshure mu gihugu kuva umwaka utanguye.
Buramatari wa Reta ya Ekiti avuga ko iryo nyuruza ry’abanyeshure n’abigisha ryabaye bariko barataha, bava mu rugendo rw’ishure. Yongeye avuga ko n’umudereva wabo na we nyene, yanyurujwe.
Abategetsi bavuga ko inzego zijejwe umutekano muri iyo reta bariko bararondera abo bagizi ba nabi. Yamara nta murwi uratangaza ko ari wo wakoze ico gitero canke ngo usabe ingwati zo kubarekura.
Abagizi ba nabi bitwaje ibigwanisho bamaze igihe banyuruza abanyagihugu bari mu ngendo harimwo n’abanyeshure, bagasaba ingwati mu kubarekura.
Igihugu ca Nijeriya kirabangamiwe n’ibibazo nk’ivyo vy’umutekano harimwo n’ibitero vy’abagwanyi b’intagondwa zo mw’idini rya Islamu bikorwa mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Abatari bake baranegura umukuru w’igihugu Bola Tinubu kuri ayo mabi ariko arakorwa mu gihugu hagati harimwo n’ayakorerwa mu micungararo y’umurwa mukuru Abuja
Forum