Uko wahagera

 
Isirayeri: Kwivuna Hamas Biriko Bifata Umwanya Munini Gusumba uko Vyari Vyitezwe

Isirayeri: Kwivuna Hamas Biriko Bifata Umwanya Munini Gusumba uko Vyari Vyitezwe


Hamwe mu hatewwe ibisasu vvya roketi mu bumanuko bwa Isirayeri
Hamwe mu hatewwe ibisasu vvya roketi mu bumanuko bwa Isirayeri

Isirayeri yigamvye ibitero vy'indege biharurwa mu majana yagavye muri Gaza, igisagara co muri Palestina kiri mu minwe y’abarwanyi bo mu murwi wa Hamas.

Ibimaze kumenyekana ko vyononywe n’ivyo bitero, birimwo amazu abamwo abantu atatangajwe igitiri, amabarabara, ahakorera ikigo c’iperereza ca Hamas, ahahingurirwa ibirwanisho, n’inzu z’abategetsi b’umurwi wa Hamas.

Ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Palestina vyerekana ko abamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri yatanguye ku wa gatandatu ari 413.

Ku ruhande rwa Isirayeri, ibiharuro bishasha vyerekana ko abamaze kurwa muri iyo ntambara bageze ku 700, abakomeretse bakaba barenze ibihumbi 2100.

Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Amerika, Chuck Schumer, yavuze ko abanyamerika bagera kuri bane ari bo bamaze kumenyekana ko baguye muri iyo ntambara, kandi ibiharuro bishobora kuduga.

Ibindi bihugu bimaze gutangaza ko abanyagihugu babo baguye muri iyo ngwano, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Nepal, Tayilande na Ukraine.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko muri Gaza, abagera ku bihumbi 123, babaye baregeranirizwa mu makambi yo hagati mu gihugu.

Hagati aho, Isirayeri yatangaje kandi ko ihanganye bikomeye
n’abarwanyi bo mu murwi wa Hamas bakibandanya ibitero vyabo mu bumanuko bw’ico gihugu. Isirayeri yemeza ko abarwanyi ba Hamas binjiye ku butaka bwayo bagera ku 1000.

Liyetena Koloneli Richard Hecht avugira igisirikare ca Isirayeri yabwiye abamenyeshamakuru ko intambara ibandanya mu burere indwi bwa Isirayeri, kandi ko kwirukana umurwi wa Hamas wabateye kuva ku munsi wa gatandatu biriko bifata umwanya munini gusumba uko vyari vyitezwe.

Uwundi musirikare wa Isirayeri, Liyetena Koloneli Jonathan Conricus, yemeje ko igihugu cahamagaye intwazangabo z’inseruka rukamvye zigera ku bihumbi ijana kugira zize gufasha urugamba.

Yagize ati: “ Ico twupfuza ni uko, inyuma y’ino ntambara umurwi wa Hamas ata nguvu za gisirikare uzoba ugifise zo gutera ubwoba abanyaguhugu bacu. Twipfuza kandi kuvana Hamas ku burongozi bwa Gaza.”

Forum

XS
SM
MD
LG