Reta ya Isirayeri yatangaje ku mugaragaro intambara n’urugamba ku murwi wa Hamas wo muri Palestina.
Ejo ku wa gatandatu, umurwi wa Hamas ukigaba ibitero vyawo vya mbere muri Isirayeri, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yari yavuze ko igihugu ciwe kiri mu ntambara.
Reta ya Isirayeri ivugiye ku mugaragaro ko yinjiye mu ntambara na Hamas, inyuma y’inama yihuta y’abagize reta yabaye uno munsi ku wa Mungu.
Muri iyo nama, Benjamin Netanyahu yavuze ko Isirayeri izokwihora bikomeye. Reta ya Isirayeri ntiyigeze itomora umukenyuro igiye gufata mu co yise kwihora no kwivuna umwansi ikoresheje inguvu zose.
Netanyahu yavuze ko “ Ari intambara izofata umwanya munini, kandi urugamba ruzoba rukomeye”. Umwe mu ba jenerali ba Isirayeri yavuze ko Hamas yiyugururiyeko amarembo y’umuriro.
Kuva ejo ku wagatandatu, abamaze kumenyekana ko baguye mu ntambara ya Isirayeri na Hamas ku ruhande rwa Isirayeri barenga 600, muri bo harimwo abasrikare 44. Abakomeretse muri Isirayeri bamaze kumenyekana barenga 1500.
Ku ruhande rwa Gaza, abahitanywe n’intambara barenze 300, abakomeretse nabo baba 2000.
Umutegetsi bwa Isirayeri yavuze ko igisirikare cishe abarwanyi ba Hamas bagera ku 400, gifata abarenga 20. Hamas nayo yoba yafashe abakenyezi n’abana bataramenyekana igitigiri, ishobora kuzokwifashisha kugira ibohoze abarwanyi bayo.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yabwiye tereviziyo CNN hari abanyamerika bashobora kuba bari mu bahitanywe n’intambara ya Hamas na Isirayeri. (VOA, AP,AFP)
Isirayeri Itangaje ku Mugaragaro Intambara n'Urugamba kuri Hamas

Forum