Uko wahagera

Abarenga 1000 Ni bo Bamaze Kurwa mu Ntambara ya Isirayeri na Hamas


Isanamu y'imwe mu nzu yateweko urusasu na Hamas muri Isirayeri
Isanamu y'imwe mu nzu yateweko urusasu na Hamas muri Isirayeri

Igisirikare ca Isirayeri gitangaza ko abanyisarayeri barenga 600 ari bo amaze kumenyekana ko baguye mu ntambara ibandanya hagati ya Isirayeri n’umurwi wa Hamas wo muri Palestina

Ku ruhande rwa Palestina, abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo ntambara barenga 370.

Amakungu yateye ivyatsi ibitero umurwi wa Hamas uriko ugaba muri Isirayeri ubicishije mu nzira z’ibirere, ku butaka no mu mazi.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yagize ati: “ Turi mu ntambara.”

Ni ivyahe bihugu n’abahe bategetsi bamaze kugira ico bivuze kuri ino ntambara?

1. Mw’itangazo Prezida w’Amerika, Joe Biden, yasomye ari ku ngoro yiwe, White House, iruhande yiwe hari umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze ko ari ngombwa ko Amerika ishigikira Isirayeri agira ati: “ Amerika iri ku ruhande rwa Isirayeri. Ntituzokwigera duhengeshanya gushigikira Isirayeri.”

Umwe mu bategetsi mu biro vya prezida w’Amerika yavuze ko ibiganiro vyo kuraba ingene Amerika yofasha Isirayeri mu vya gisirikare biza vyatanguye


2. Irani: Umuhanuzi w’umutegetsi mukuru wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yavuze ko Irani yishimiye ibitero Hamas iriko igaba muri Iizrayeri. Yagize ati: “ Turashigikiye ibi bikorwa. Tuzokwama turi ku ruhande rwa Hamas kugera Palestina na Yerusalemu bibohojwe”

3. Arabiya Sawudite: Ubwami bwa Arabiya Sawudite bwasavye impande zose gushira ibirwanisho hasi, abasivile bagakingirwa.Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Arabiya Sawudite n’ayandi makungu, yavuze ko ino ntambara ari “Ingaruko y’ico yise kwaka uburenganzira abanyagihugu ba Palestina bimaze igihe kirekire.”

4.ONU: Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasavye ko haba ibiganiro vy’amahoro bihuza impande zose zishamiranye.

5.EU: Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, ubicishije ku mukuru wawo, Ursula von der Leyen, wateye ivyatsi ico wise igitero c’iterebwoba ca Hamas. Ursula von der Leyen yagize ati: “ Ni iterabwoba ry’agahomerabunwa. Isirayeri irafise uburenganzira bwo kwigwanako no kwigwanira.” Ubumwe bwa Buraya bwavuze ko buri ku ruhande rwa Isirayeri.

6. Brezile: Iki gihugu ni co kiriko gitwara akanama ka ONU kajejwe umutekano. Cateye ivyatsi ibitero vya Hamas muri Isirayeri, congera kivuga ko kiza guhamagaza akanama kihuta ka ONU mu vy’umutekano uno munsi ku wa Mungu.

7. Uburusiya: Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwasavye impande zose gushira ibirwanisho hasi, bwongera buhamagarira amakungu gufasha kugira habe ibiganiro vy’amahoro hagati ya Palestina na Isirayeri.

8.Afurika y’Epfo: Yavuze ko irajwe ishinga n’intambara iri hagati ya Hamas na Isirayeri, yongera isaba ibiganiro vy’amahoro hagati y’impande zishamiranye

Forum

XS
SM
MD
LG