Uko wahagera

OTANI Yemeza ko Ukraine Iriko Yitwara Neza mu Ntambara n'Uburusiya


Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg

Ishirahamwe ryishinze kurwaniriza hamwe umwansi hagati y'ibihugu vyo mu burengero, OTAN, ryemeza ko Ukraine iriko yitwara neza mu ntambara irimwo n'Uburusiya. Umunyamabanga mukuru waryo, Jens Stoltenberg, asaba amakungu kubandanya afasha Ukraine.

Jens Stoltenberg, yishimiye intambwe Ukraine igezeko mu ntambara imazemwo igihe n’Uburusiya, avuga ko ico yise inguvu ifise, ziriko ziyegereza intsinzi.

Mu kiganiro uwo mutegetsi wa OTAN yakoranye n’abamenyeshamakuru I Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine, ari kumwe na Prezida Volodymyr Zelenskyy, yemeje ko Ukraine iriko irisubuza bumwe mu burere Uburusiya bwari bwarayinyaze.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru I Kiev, Jens Stoltenberg, yatangaje ko OTAN ifise umugambi wo kuronsa Ukraine ibirwanisho bifise agaciro ka miriyaridi z’amadorari 2 n’igice. OTAN ivuga ko ku neza y’umutekano wayo, ibwirizwa guha Ukraine ivyo ikeneye vyose kugira itsinde intambara irimwo.

Hagati aho, Ukraine yavuze ko yatibuye indege 44 zitagira abadereva, drone, Uburusiya bwaraye bwifashishije mu kugaba ibitero mu bice birimwo Mykolaiv, Odesa na Kirovohrad. (VOA, AP, AFP, REUTERS).

Forum

XS
SM
MD
LG