Uko wahagera

Igitero c'Uburusiya mu Gisagara ca Donetsk Cakomerekeje Abantu 13.


Igitero Uburusiya bwakoze mu gisagara ca Donetsk cakomerekeje abantu 13.

Ukraine yoyo ivuga ko ivyo bitero vyakomereje abantu 13, vyongera bihitana abasivile 2. Abategetsi b’igisagara ca Kurakhove bavuze ko ibitero bibiri vy’indege vyateye umucanwa. Ntibatangaje ivyononywe n’ivyo bitero.

Ubushikirabganji bujejwe kwivuna abansi mu Bwongereza, butanga amakuru ku munsi ku munsi y’ivy’intambara y’Uburusiya na Ukraine, bwavuze ko Ukraine n’Uburusiya muri ino minsi vyongereje ibitero, cane cane ku birindiro biba biriko abasirikare b’impande zitandukanye.

Ubwo bushikiranganji bwemeza ko mu minsi ine iheze, bimwe mu bibanza vyabereyemwo ibitero harimwo ahabikwa ibikoresho vya gisirikare n’ibituro vy’indege za gisirikare.

Ejo ku wa kane, Ukraine yavuze ko yakoze igitero ahari indege z’Uburusiya mu ntara ya Krimeya. Ku veyrekeye ibitero Uburusiya bwaraye bukoze mu bice bimwe bimwe vyayo, yavuze ko ari ibitero vyakozwe ku basivile no ku nyubakwa rusangi.

Forum

XS
SM
MD
LG