Uko wahagera

Igitero c'Uburusiya Cononye Ahahingurirwa Igitoro muri Ukraine


Ahaningurirwa ibitoro muri Ukraine
Ahaningurirwa ibitoro muri Ukraine

Ukraine, kuri uyu wa gatatu, catangaje ko igitero c'Uburusiya cabaye hakoreshejwe utudege tutagira abadereva twa “drone” mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu cononye ikibanza gihingurirwamwo ibitoro mu ntara ya Poltava iri mu gihugu hagati.

Bulamatari w’iyo ntara, Dmytro Lunin, yatangaje ko imirimo muri ico kibanza yabaye irahagaritswe. Yamara yavuze ko ata bantu bahasize ubuzima canke ngo bakomereke. Serhiy Lysak, Bulamatari w’intara ya Dnipropetrovsk na we, yatangaje ko Uburusiya bwakoze ibitero mu gisagara ca Nikopol no mu bindi bice vy’igihugu.

Ivyo bitero vyononye inzu zitanu. Igisirikare ca Ukraine camenyesheje ko uburyo bwaco bwo kwivuna umwansi bwasambuye utudege tutagira abadereva twa drone 17 kuri 24 Uburusiya bwakoresheje mu bitero vyabaye mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatatu.

Muri iki gihe, abategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, harimwo umutegetsi mukuru w’inzego zose z’igisirikare ca Amerika, Jenerali, Mark Milley, barafise icizere ko inteko za Ukraine zizobandanya zigira intambwe mu bitero vyazo vyo gusubira kwigarurira ibice vy’igihugu cazo vyafashwe n’inteko z’Uburusiya.

Jenerali Milley yavuze ko gushika ubu Ukraine imaze gusubira kwigarurira ibice birenga 54 kw’ijana vy’uturere twari twafashwe n’Uburusiya, kandi ko kibandanya gutera intambwe muri ico gikorwa. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG