Donald Trump yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika yaraye atangaje ko ubutungane bwa Amerika bwamwegetseko icaha co kuba yaratwaye mu rugo iwe impapuro zirimo amabanga y’igihugu atabirekuriwe n’amategeko.
Ibi Donald Trump yabivuze abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe ku mugoroba wo kuri uyu wa kane.
Yanditse ati: "reta yabunzwe na ruswa ya Biden yatangarije abamburanira ko negetsweko icaha.
Ibimenyeshamakuru bitari bike vyavuze ko Trump yegetsweko ivyaha indwi birimwo gushikiriza amajambo y'ibinyoma no kubangamira ibikorwa vy'ubutungane.
Trump yanditse ko yatumweko kwitaba sentare yegukira reta y’i Miami muri reta ya Florida ku musi wa kabiri itariki 14 z’uku kwezi.
Abashingwamanza ba Trump ntibashotse bagira ico bavuze igihe babazwa kuri ivyo uwo baburanira yanditse.
Umuvugizi wa Jack Smith, yashinzwe gukora anketi ku kibazo c’impapuro z’amabanga y’igihugu basanze mu rugo rwa Donald Trump, nawe nyene yanse kugira ico ashikirije.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters Ijwi ry’Amerika rikesha iyi nkuru ntiryamenye ivyaha nyezina Trump azohanishwa.
Igihe yarahira imbere ya sentare nkuru y’igihugu mu mwaka uheze, umwe mu bakozi b’ibiro vy’inyamiramabi FBI yavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko hakozwe ivyaha.
Ubushikiranganji bw’ubutungane bwatanguye gukora kuri iyo dosiye y’ayo mabanga y'igihugu Trump yagiye atwaye inyuma y’aho aviriye muri White House mu 2021.
Abakora amatohoza baratoye impapuro 13,000 mu rugo rwiwe ruri i Palm Beach, muri Florida, hahareze hafi umwaka. Ni mu gihe ababuranira Trump bo bari bavuze ko impapuro zose zirimwo amabanga akomeye y’igihugu zasubijwe reta.
Facebook Forum