Uko wahagera

Abimukira 2 Bapfuye, 20 Baburirwa Irengero muri Mediterane


Abimukira babiri bapfuye abandi hafi 20 baraburirwa irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mw’ibahari Meditarane hagati ya Tuniziya n’Ubutaliyano. Ishirahamwe ry’Abadagi ritabara, Nadir, ryavuze ko ryashoboye gutabara abandi 22 rica ribatwara mw’izinga rya Lampedusa. Ubwo bwato bwazamye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu rishira uw’Imana.

Mu barokotse harimwo abagabo n’abagore bamuka muri Kameruni, Cote d'Ivoire na Mali, nkuko vyavuzwe na Ingo Werth, kapitene w’ubwato butabara.

Muri rusangi, abimukira hafi 40 nibo bari muri ubwo bwato igihe bwanduruka buva mu gisagara ca Sfax muri Tuniziya.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubutaliyano, ANSA, ryavuze ko abagore icenda bari mu barokotse.

Mu misi mike iheze, abimukira baharurwa mu bihumbi nibo bashitse mw’izinga rya Lampedusa ry’Ubutaliyano riri ku birometero hafi 150 uva ku nkengera za Tuniziya.

Ubushikiranganji bw’Ubutaliyano bw’intwaro mu gihugu hagati buvuga ko abimukira 14.000 bashitse mu Butaliyano kuva mu ntango z’uyu mwaka. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG