Uko wahagera

Abimukira Hafi 40 Bishwe n'Umuriro muri Megizike Hafi y'Urubibe na Amerika


Mexico Migrant Deaths
Mexico Migrant Deaths

Abantu hafi 40 bishwe abandi 29 barakomereka igihe umucanwa waduka mu gatondo ka kare kuri uyu wa kabiri mu kigo gifungiwemwo abimukira muri Megizike, ku rubibe na Amerika.

Abantu hafi 68 bamuka muri Amerika yo hagati n’iy’epfo nibo bari bacungiwe muri ico kibanza c’i Ciudad Juarez. Ni co gisagara abimukira bajabukiramwo bariko bagerageza kwinjira muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Megizike, vyavuze ko abapfuye hamwe n’abakomeretse bamuka muri Guatemala, Honduras, El Salvador, Venezuela, Kolombiya na Ukwateri.

Prezida wa Megizike, Andrés Manuel López Obrador, yavuze ko abo bimukira batanguye kwatsa uwo muriro muri ico kibanza nko gukora imyiyerekano. Hari inyuma y’aho bumviye ko bagiye gukurwa muri ico gihugu.

Mu ndwi ziheze, uruhagarara hagati y’abategetsi bajejwe umutekano hamwe n’abimukira rwariyongereye muri ico gisagara ca Ciudad Juarez. Ibibanza vyo kurindirizamwo abimukira vyari vyuzuye abari barindiriye amahirwe yo kwinjira muri Amerika canke gusabayo ubuhungiro.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yavuze ko umunyamabanga mukuru, Antonio Guterres, yababajwe n’urupfu rw’abo bimukira i Ciudad Juarez. Dujarric yavuze ko Guterres yahojeje imiryango yabuze ababo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG