Uko wahagera

Ubutariyano Bufise Impungenge z'Abimukira Bashobora Kwinjira i Buraya


Bamwe mu bimukira mu Butariyano
Bamwe mu bimukira mu Butariyano

Abimukira ibihumbi amajana n’amajana bashobora kwinjira mu bihugu vya mu Buraya baciye ku mu mabahari, mu gihe igihugu ca Tunisa kitohabwa imfashanyo mu buryo bwihutirwa: Vyatnagajwe n’umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire, Antonio Tajani, uyu musi ku wa gatanu

Ibiganiro hagati ya Tuniziya hamwe n’ikigega mpuzamakugnu vyerekeye ukuntu ico gihugu cofashwa, bimaze amezi n’amazi ataco bishikako. Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bisaba ko prezida wa Tunis Kais Saied afata ingingo zikomeye zo kunagura ubutunzi, imbere y’uko iyo mfashanyo itangwa. Yamara umushikiranganji Tajani wewe avuga ko Tuniziya ikeneye imfashanyo mu buryo bwihutirwa, ata mwanya wo gutakaza uhari.

Tajani yavuze ko yari yahanuye bagenzi be bajejwe imigenderanire mu bihugu vya Buraya gutanga iyo mfashanyo buhoro buhoro, ku buryo iya mbere yatangwa buno
nyene, maze izindi mfashanyo zigatangwa bivuye ku kuntu Tuniziya ishikirije imigambi mishasha yo kunagura ubutunzi.

Muri uyu mwaka w’2023, igihugu c’Ubutaliyano caronse ubwato bw’abimukira burenga 20,000. Benshi baba baciye muri Afrika yo mu buraruko bavuye muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara. Yamara umutegetsi akomeye akorera I Roma yibaza ko Reta y’Ubutaliyano ifise ubwoba ko Abanyatuniziya benshi, nabo nyene, bazoca bafata iyo nzira mu gihe ubutunzi bw’igihugu cabo bwoyanzara. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG