Abategetsi b’Abatalibani muri Afuganistani bamenyesheje ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko babujije abagore gukorera iryo shirahamwe muri ico gihugu.
Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yabwiye abamenyeshamakuru ko ONU itemeye iyo ngingo kandi atari iyo kwihanganira. Yemeza ko ari ingingo yiyongereye ku zindi zo kuburizamwo abagiraneza igihe baba bariko baragerageza gushika ku bakeneye imfashanyo.
Mu mezi aheze, ONU yari yarashikirije amakenga ko iyi ngingo yo kubuza abagore gukorera iryo shirahamwe ishobora gufatwa muri Afuganistani.
Mu kwezi kwa mbere, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, Amina Mohammed, yaragendeye ibisagara vya Afuganistani vy’i Kabul, Kandahar na Herat. We n’intumwa bari kumwe baraganiriye n’abategetsi b’Abatalibani ku ngingo bafashe zihungabanya uburenganzira bw’abakenyezi n’abakobwa. Izo ngingo zirimwo kubuza abagore canke abakobwa kuja mu mashure no muri za kaminuza no kubabuza gukorera hanze y’ingo zabo.
Kuri uyu wa kabiri, umurwi wa ONU muri Afuganistani, UNAMA, wavuze ko abagore b’abanyefuganistani bawukorera bakiri mu mirimo mu bice vyo mu gihugu. Ariko ntibiramenyekana igihe iyo ngingo izotangura gushirwa mu ngiro
ONU ifise abakozi hafi 4.000 muri Afuganistani. Hafi 3.300 ni abenegihugu b’ico gihugu. Igitigiri c’abakenyezi barimwo ntikiramenyekana. (VOA News)
Facebook Forum