Uko wahagera

Abakobwa muri Afuganistani Ntibemerewe Kwiga ivyo Gutangaza Amakuru


Bamwe mu banyeshure muri Afuganistani
Bamwe mu banyeshure muri Afuganistani

Abatalibani bakajije ingingo zikumira umwana w’umwigeme kwiga ibisata vy’inyigisho zitandukanye muri kaminuza.

Igipapuro umukobwa wese yipfuza kwiga kuri kaminuza y’igihugu muri Afugansitani abanza kuzuza imbere yo gutora igisata yiga Ijwi ry’Amerika rifitiye kopi, cerekana ko ata burengazira bwo kwiga ibijanye n’ubu enjeniyeri mu vyo kubaka, umwuga wo kumenyesha amakuru, kwigira kuvura ibikoko, kuminuza mu vy’indimo, n’ivy’isi ndwimwa muri rusangi.

Umuyabaga yitwa, Haseena Ahmadi, w’imyaka 19 yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yipfuza cane kwiga ivyo kumenyesha amakuru, ariko agiye gukora ikibazo kimuha uburenganzira bwo gukurikira izo nyigisho, asanga urupapuro yuzuza ico gisata ntacemerewe.

Ishirahamwe riharanira agateka k’umwana, Save the Children, rivuga ko abatalibani batse uburengazira bwo kuja kw’ishura 80% vy’abana b’abakobwa muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG