Uko wahagera

Kenya: Raila Odinga Yemeye Guhagarika Imyiyerekano


Raila Odinga, atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Kenya

Raila Odinga atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya, yavuze kuri uyu w’Imana ko ahagaritse imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi. Yavuze ko yiteguye kuganira, inyuma yo guterwa akamo na prezida William Ruto ko kuyihagarika. Ariko yagabishije ko iyo myiyerekano ishobora gusubira mu misi mike.

Abantu ibihumbi baritabiriye imyiyerekano yiyamiriza ubuzima buzimvye hamwe no kuba yaribwe amatora. Yatunganijwe incuro zitatu mu ndwi zibiri ziheze. Yabayemwo ubugizi bwa nabi kandi iyindi myiyerekano yari itegekanijwe kuri uyu wa mbere.

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, Prezida Ruto yasavye Odinga guhagarika iyo myiyerekano. Yavuze ko imaze gupfamwo abantu batatu n’abandi barenga 400 bakomeretse, barimwo abajejwe umutekano hafi 60.

Ruto yavuze ko hashobora kuba ihinyanyurwa muri komisiyo y’amatora. Iki ni kimwe mu bisabwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Odinga yabwiye abamenyeshamakuru ko afise icizere kuvyashibirijwe na Prezida Ruto. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko haba ivyohinyanyurwa muri komisiyo y’amatora, harimwo ko prezida atemerewe kuyuzuzamwo abamushigikiye.

Odinga yavuze ko hakwiye kuba inama nshingamateka irongowe n’impande zibiri kandi ifashwe mu mugongo n’abahinga mvamakungu. Yemeza ko Prezida Ruto atabitoreye inyishu, bazoca basubira mu myiyerekano hatarenze indwi imwe gusa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG