Uko wahagera

Kenya: Abashingamateka 4 Bagirizwa Gukora Imyiyerekano Itemewe n'Amategeko


Ifoto y'imyiyerekano abashingamateka 4 ba Kenya bariko barazira
Ifoto y'imyiyerekano abashingamateka 4 ba Kenya bariko barazira

Muri Kenya abashingamateka bane, uno musi ku wa kane bagirijwe ko bagiye mu myiyerekano itari irekuriwe n'amategeko yabaye muri iyi ndwi. Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza Reta ya Prezida, William Ruto, ku buzima bw'abanyagihugu buzimvye cane.

Umuntu umwe yarishwe abandi barenga 200 barahagarikwa mu myiyereano yabaye mu gihugu cose ku musi wa mbere. Iyo myiyerekano yari yatumweko n’uwuyoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Raila Odinga.

Abo bashingamateka, barimwo abayoboye abo mu murwi wa Odinga mu mashami ako ari abiri y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, bahagaritswe, mu nyuma y’aho barekurwa batanze ingwati. Hari inyuma y’uko sentare ibagirije ko bagize uruhara mu myiyerekano itarekuriwe n’amategeko yabaye muri iyi ndwi.

Raila Odinga, afise imyaka 78, yasavye ko haba imyiyerekano yo kwiyamiriza reta incuro zibiri mu ndwi kugira abanyagihugu biyamirize ibiciro vy’ibifungurwa ngenderwako nk’ifu y’ibigori biri hejuru cane, bikanatuma ifaranga ry’igihugu riguma ritituka.

Odinga yongeye yagiriza Prezida Ruto ko yivye amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze. Yari incuro igira gatanu Odinga arangiza mu kibanza ca kabiri yikwirikiranya, mu matora y’umukuru w’igihugu.

Raila Odinga yarashingishije urubanza rwo guhakana ivyavuye mu matora yo mu mwaka uheze muri sentare ntayegayezwa y’igihugu. Yamara iyo sentare yaremeje intsinzi ya Ruto. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG