Uko wahagera

Polisi ya Kenya Yahanganye n'Abiyerekanye Biyamiriza Reta


Imyiyerekano y'uno munsi muri Kenya
Imyiyerekano y'uno munsi muri Kenya

Muri Kenya igipolisi cateye ivyuka bibaba mu maso congera gifata abatari bake mu myiyerekano y’abariko biyamiriza reta.

Umuntu umwe yarasiwe muri iyo myiyerekano ariko amakuru yerekeye amagara yiwe ntaramenyekana neza.

Iyo myiyerekano yahamagajwe n’abatavuga rumwe na reta yabaye kuri uno musi wa mbere i Nairobi. Nkuko bitangazwa n’abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, banegura reta kubera ibiciro vy’ibintu vyaduze.

Reta ya prezida William Ruto yarahiye ko igiye gufata ingingo zikomeye kuri iyo myiyerekano, inyuma y'aho Raila Odinga, umwe mu bayobozi b’imigwi itavuga rumwe na reta atangarije ko naho batahawe uburenganzira bwo kugira iyo myiyerekano bashishikara kuyikora.

Abari muri iyo myiyerekano bateye amabuye igipolisi kijejwe imyiyerekano ku murwa mukuru. Abandi bari bayitabiriye barafashwe n’igipolisi harimwo abashingamateka babiri nk’uko abamenyeshamakuru babitangaza.

Mu gice kimwe c’ikigwati ca Kibera kibamwo ahanini ba ntaho nikora, abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, bavuga ko abagize imyiyerekano baturiye amapine.

Ejo ku musi wa mungu Odinga umukandida yatsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze, yabwiye abanyakenya ati “ Nipfuza ko abanyakenya baja ahabona ku bwinshi bakerekana akababararo bafise kubiriko biraba mu gihugu.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG