Uko wahagera

Kenya: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Reta Irabandanya


Umwe mu bari mu myiyerekano muri Kenya
Umwe mu bari mu myiyerekano muri Kenya

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara I Nairobi ejo ku musi wa mbere, naho reta ya Kenya yari yatangaje ko iyo myiyerekano iteye kubiri n’amategeko.

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Raila Odinga, yari yifatanije n’abakoze imyiyerekano mu gice co mu burengero bw’umurwa mukuru Nairobi, aho imodoko zimugenderanira zakwirikiwe n’abantu ibihumbi n’ibihumbi bamushigikiye. Yagiye arahagarara mu bibanza bitandukanye ashikriza ijambo abanyagihugu, asaba ko hoba ubutungane mu bijanye n’amatora, hamwe n’igabanywa ry’ibiciro vy’ibifungurewa.

Abapolisi barakoresheje imiringoti y’amazi hamwe n’ivyuka bibabaza mu maso mu gushwiragiza abariko bakora iyo myiyerekano. Umukuru w’igipolisi, Japhet Koome, avuga ko iyo myiyerekano iteye kubiri n’amategeko. Yamara Odinga wewe avuga ko Abanyakenya bafise uburenganzira bwo gutunganya imyiyerekano.

Iyo myiyerekano yarabaye mu ndwi iheze kandi Raila Odinga yarasavye abanyagihugu bamushigikiye kwama bihereje amabarabara kabiri mu ndwi, ku musi wa mbere no ku musi wa kane. (AP )

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG