Muri Kenya, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Prezida William Ruto basubiye mu myiyerekano kuri uyu wa kane, ku ncuro igira gatatu. Bateye amabuye abaporisi ku murwa mukuru Nairobi bongera baraturira ibiro vy’umugambwe uri ku butegetsi.
Abantu baharurwa mu bihumbi bihereje amabarabara batumweko na Raila Odinga atavuga rumwe n’ubutegetsi. Biyamiriza ubuzima busigaye buzimvye, hamwe n’ubusuma avuga ko bwabaye mu matora y’umukuru w’igihugu ahitiye. Reta yavuze ko amatora yabaye mu muco, kandi ko ubutunzi bw’igihugu bwisununuye. Ihamagarira nyabuna abakora imyiyerekano kuyihagarika.
Icegera ca perezida, Rigathi Gachagua, ejo ku wa kane yasavye abakora iyo myiyerekano gusubira mu mihana yabo. Yavuze ko yabwiye Odinga ko inzira yonyene yo gushikira ubutegetsi ari mu matora.
Abiyerekana bagiriza Prezida William Ruto kunanirwa gutunganya ivy’igihugu. Abanywanyi biwe nabo bagiriza Odinga gukoresha ishavu kw’iduga ry’ibiciro arondera icicaro mu butegetsi no kugira uruhara muri reta. (Reuters)
Facebook Forum