Reta ya Vatikano ivuga ko Papa Fransisiko agiye kuzomara imisi itari mike mu bitaro kubera ibibazo vyo mu mahaha. Ibi ni inyuma y’aho mu misi iheze yari afise ikibazo co guhema neza.
Umuvugizi wa Vatikano, Matteo Bruni, avuga ko Papa Fransisiko w’imyaka 86, atarwaye COVID-19, ariko akeneye imisi itari mike yo gukurikiranwa n’abaganga.
Mu mwaka wa 2021, ukwezi kw’indwi, Papa yarabazwe urura runini, barugabanyako isentimetero 33.
Ibi vyatumye haba amakenga ku magara yiwe hamwe n’ubushobozi bwo guhimbaza imisi mikuru yo mu ndwi nyeranda izotangurirwa n’umusi mukuru w’ibisandasanda kuri uyu w’Imana w’iyi ndwi.
Papa Francisiko, yarakuweko agahimba gato k’ihaha igihe yari akiri muto kubwo kugira ibibazo vyo mu mahaha. (AP)
Facebook Forum