Uko wahagera

Papa Fransisiko Yahuye n'Urwaruka rwo muri Kongo


Papa Fransisiko agera muri Kongo
Papa Fransisiko agera muri Kongo

Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko, arabandanya urugendo rwiwe ku mugabane wa Afurika. Umunsi wa gatatu w’urugendo rwiwe muri Kongo, waranzwe n’imibonano yagiranye n’abihebeye Imana, hamwe n’abakiri bato.

Muri Stade nini yitiriwe abamaratiri iri i Kinshasa, Papa Fransisiko yakiranywe ingoma, indirimbo ndangakaranga za Kongo, n’amashi. Yinjiye ari mu kaduga kiwe ngendanwa, agenda arahezagira abakiri bato bari basidukanye n’iyonka baza kumusanganira.

Benshi mu baje kumwakira bari bambaye imipira n’inkofero ziriko ifoto y’uwo mupapa wa mbere agendeye Kongo inyuma ya Papa Yohani Pawulo wa kabiri yayigendeye mu 1985.

Bamwe mu rwaruka rwaje gusanganira Papa Fransisiko
Bamwe mu rwaruka rwaje gusanganira Papa Fransisiko

Mw’ijambo yavugiye muri iyo stade nini, yahamagariye abakiri bato gufata iya mbere muri kazoza ka Kongo, biciye mu kurwanya ubushomeri n’imvururu. Yahanuye kandi abakiri bato barenga ibihumbi 65 bamwitabiriye, kurwanya ukwikunda, baharanira ugufata mu nda. Yabasavye kandi gufatana amaboko, bagacereza mu kiringo c'umunota umwe, bazirikana aboba barabagiriye nabi mu buzima bwabo.

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko yateye ivyatsi ibiturire, yumvikanisha ko bizingamitse Kongo, aca asaba abari muri stade kuvugira hejuru bati: “ Turwanye ibiturire.”

Ijambo ryiwe yaribandanije abwira abakiri bato, ko ari abagaciro mu maso ya Ekleziya n’igihugu cabo, kandi ko babwirizwa kwitaho igihugu cabibarutse na Ekleziya babarizwamwo.

Muri uwo mubonano yagiranye n'abakiri bato, Papa Fransisiko yumvirije intahe z’abahuye n’amakuba y’intambara ibangamiye ubuseruko bwa Kongo, agirako yiyamiriza intambara n’amabi atandukanye amaze igihe muri ico gihugu, ahoza n’abo ayo mabi yakozeko agira ati: “ Amarira yanyu, ni yo rwanje. Umubabaro wanyu, ni wo mubabaro wanje”.

Ku yindi ncuro, Papa Fransisiko yateye kandi ivyatsi “abasahura ubutunzi bwa Kongo, biciye mu gusesa amaraso”. Urugendo Papa Papa Fransisiko w’imyaka 86 akoreye muri Kongo rugize urwa 40 akoreye mu makungu kuva yimikwa nka Papa mu 2013, rukaba urwa gatanu akoreye ku mugabane wa Afurika. Ejo aho bukera, azoja i Juba ku murwa mukuru wa Sudani y’epfo, igihugu kiri mu vya mbere bikenye kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG