Uko wahagera

DRC: Abarenga Miliyoni Imwe Bitabiriye Imisa Yasomwe na Papa Faransisiko


Bamwe mu bakirisu bahawe umugisha na Papa Fransisiko
Bamwe mu bakirisu bahawe umugisha na Papa Fransisiko

Ni ku musi ugira kabiri w’urugendo rwa Papa Fransisiko muri Republika ya Demokrasi ya Congo. Benshi mu bemera Imana ku murwa mukuru Kinshasa, urimwo abantu imiliyoni 15 batanguye gushika ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Ndolo mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri kugira bashobore kuronka ibibanza.

Papa Fransisiko yakiriwe n’abantu isinzi bariko baririmba kandi batamba igihe yashika kuri ico kibuga c’indege, imbere y’uko imisa itangura hafi y’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo. Abateguye iyo misa bavuga ko abantu barenga umuliyoni bari ku kibuga c’indege ca Ndolo.

Abitabiriye iyo misa ya Papa Fransisiko barimwo ababa ku murwa mukuru, Kinshasa na Prezida wa Congo, Felix Tshisekedi n’abanyapolitike bayoboye abatavuga rumwe na reta. Papa Fransisiko yipfurije abitavye imisa yiwe amahoro mu rurimi rw’Ilingala, rumwe mu ndimi 4 z’igihugu, rukoreshwa imisi yose ku murwa mukuru, Kinshasa.

Papa Fransisiko yabandanije imisa yiwe mu rurimi rw’Igitaliyano, rwahinduwe mu gifaransa, aho yasavye abemera kutagwa mu mutego w’indyane. Papa Fransisiko, afise imyaka 86 muri iki gihe, yashitse muri Republika ya demokrasi ya Congo ku musi wa kabiri, aho yahageze ubwa mbere mu rugendo rw’imisi itandatu ku
mugabane wa Afrika ruzomujana no mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG