Uko wahagera

Mali: Abakozi 2 ba Croix Rouge Bari Banyurujwe Barekuwe


Umuduga w'ishirahamwe Croix Rouge muri Mali
Umuduga w'ishirahamwe Croix Rouge muri Mali

Muri Mali, abakozi 2 b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare “Croix Rouge” bari baranyurujwe igenekerezo rya kane y'ukwa gatatu umwaka wa 2023, barekuwe ku mugoroba w’ejo ku musi w’Imana.

Croix Rouge yabitangaje ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter. Imenyesha ko abo bakozi bayo babiri bari baranyururijwe mu bisagara vya Gao na Kidal mu buraruko bwa Mali mu ntango z’uku kwezi kwa gatatu.

Kuva mu mwaka wa 2012 ico gihugu kirahanzwe n’umutekano muke kuva aho abagwanyi b’intambara ntagatifu ya Jihadi batangura ibitero mu buraruko bw’igihugu.

Abagwanyi ba Jihadi b’umugwi wa al-Qaida ukorana n’abaharanira reta ya kiyislamu barongereje ibitero, aho bagenda banyuruza abanyagihugu bakanabikora no mu bihugu bibanyi vya Nijeri na Burkina Faso. Muri ako karere abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi barishwe, abandi imiriyoni zibiri barata ingo zabo.

Ico gihugu kiyobowe n’umusirikare yakoze kudeta, mu mwaka uheze yategetse ko abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa bari bariyo mu bikorwa vyo kugwanya abagwanyi ba jihadi, bakivamwo.

Inyuma y’iyo ngingo yo kwirukana abasirikare b’Abafaransa, uwo mutegetsi wa Mali yaciye azana abarwanyi b’abacengero b’Abarusiya bari mw’ishirahamwe ryigenga ryitwa Wagner Group, gukomeza igisirikare ca Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG