Uko wahagera

Burkina Faso Yatahukanye Abenegihugu Bayo 64 Bahunze Amacakubiri muri Tuniziya


Abenegihugu 64 ba Burkina Faso batahukanwe kuri uyu wa gatatu mu gihugu cabo bakuwe muri Tuniziya. Bahunze amabi ariko arakorerwa abakomoka mu bihugu vyo muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara. Ni inyuma y’aho Prezida wa Tuniziya, Kais Saied, ashikirije amajambo y’amacakubiri ashingiye ku rukoba.

Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, yavuze ko bashitse ku murwa mukuru Ouagadougou n’indege ya reta. Bakiriwe n’abashikiranganji ba reta, abavyeyi hamwe n’abo mu miryango yabo.

Umushikiranganji w’imigenderanire, Karamoko Jean Marie Traoré, yavuze ko uyundi murwi uzotahukanwa muri ubu buryo nyene.

Kw’itariki ya 21 z’ukwa kabiri, prezida Saied wa Tuniziya yaremeje ko abimukira bamuka muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara batera imidugararo n’ubwicanyi. Yavuze kandi ko kuba kwabo mu gihugu ciwe bizohindura amoko y’abahaba.

Gineya Konakry yaratahukanye umurwi wa mbere w’abenegihugu bayo kw’itariki ya mbere y’uku kwa gatatu. Ibindi bihugu vyatahukanye abavyo ni Mali na Kote d’Ivuware.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG