Igisirikare ca Burkina Faso cavuze ko abarwanyi batazwi bishe abasirikare 11 bakomeretsa abandi bane kuri uyu wa kane. Ni igitero cagabwe batumbereye kwisubiza akarere batswe n’inteko za reta, mu buseruko no mu buraruko bw’igihugu.
Kuva mu 2018, Burkina Faso yaratswe n’intagondwa z’abayisilamiste igice kinini c’igihugu.
Ibitero vy’izo ntagondwa biravugwa no muri Nijeri na Mali, ahapfuye ibihumbi vy’abasivile n’amamiliyoni yateshejwe ingo zabo. Ibi bitero vyabaye ivyo bihugu birimwo abasirikare mvamakungu hamwe n’aba ONU bari kubungabunga amahoro.
Igisirikare ca Burkina Faso kivuga ko kiri mu bikorwa vyo gutuza abakora iterabwoba mu ntara zo mu buseruko za Tapoa, Boulgou na Koulpelogo no mu bice bitari bike mu buraruko. Cavuze ko kimaze kwica abayisilamiste barenga 112. (Reuters)
Facebook Forum