Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare 51 Baraguye mu Mutego w'Abajihadiste


Igisirikare ca Burkina Faso kivuga ko igitigiri c’abasirikare baco baguye mu gitero c’abajihadiste mu buraruko bw’igihugu mu ndwi iheze caduze gushika kuri 51. Aho ni inyuma y’aho ibindi biziga 43 bitorewe kuri uyu wa mbere.

Abo basirikare baguye mu mutego mu ntara ya Oudalan, hagati y’ibisagara vya Deou na Oursi. Igisirikare ca Burkina Faso cavuze kuri uyu wa mbere ko carungitse abandi basirikare muri ako karere kandi ko n’abakomeretse batwawe mu bitaro.

Iki gihugu co mu burengero bwa Afrika kimaze imyaka indwi mu bwicanyi bukorwa n’imihari y’iterabwoba ya al-Qaida n’uwa reta ya kiyisilamu. Iri terabwoba rimaze guhitana ibihumbi vy’abantu hamwe n’abashika imiriyoni zibiri bateshejwe ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG