Uko wahagera

Burkina Faso, Gineya na Mali Bigiye Gukorera Hamwe


Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Burkina Faso, Gineya na Mali, bashikirije umugambi wo gukorera hamwe kugira vyorohereze ubudandaji, vyongere bifashe gutorera inyishu ikibazo c'umutekano mu karere.

Mw'itangazo bashikirije hamwe mw'ijoro ryo ku musi wa kane, nyuma y’inama bagiriye ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou muri iyi ndwi kugira baganire ku kugene ibihugu vyabo vyokorera hamwe. Ivyo bihugu uko ari 3 vyabayemwo kudeta z’igisirikare kuva mu mwaka w’i 2020, bigatuma intambwe za demokrasi zari zashitsweko mu karere ka Sahel, zisubira inyuma.

Ishavu ry’abanyagihugu bavuga ko amareta y’ibihugu vyabo yananiwe gukingira abasivile ibitero vy’intagondwa z’abayislamu riri mu vyatumye ayo makudeta aba. Ayo makudeta yaratumye kandi, Gineya na Mali bifatirwa ibihano, imigenderanire n’ibihugu vyo mu karere hamwe n’ibihugu vvo mu burengero bw’isi vyakorana iratosekara.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ivyo bihugu 3 batangaje ko gushiraho uburyo bwo gukorera hamwe hagati y’ibihugu vyabo ari ibintu bikenewe. Uwo buryo bwokoreshwa mu guhanahana ibitoro n’umuyagankuba, guhuza uburyo bwo gutwara abantu n’ibintu, gufashanya mu bijanye n’ugucukura ubutare, iterambere ryo hagati mu gihugu n’ubudandaji. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG