Uko wahagera

Abasirikare b'Ubufaransa Bavuye muri Burkina Faso


Abasirikare b'Ubufaransa muri Burkina faso
Abasirikare b'Ubufaransa muri Burkina faso

Ubufaransa na Burkina Faso vyarangije ku mugaragaro ugukorana muvya gisirikare. Igisirikare ca Burkina Faso cashikirije aya makuru kuri uyu w’Imana inyuma yo kumanura ibendera y’Ubufaransa ryari ku kambi y’abasirikare badasanzwe b’Ubufaransa ku musi wa gatandatu.

Mu kwezi kwa mbere, Burkina Faso yahaye Ubufaransa ukwezi kugira buzobe bwakuye abasirikare babwo mu gihugu. Amasezerano ya gisirikare yafatanya ivyo bihugu yemerera Ubufaransa kurwanya abajihadiste ku butaka bwa Burkina Faso. Burkina Faso ivuga ko yiyemeje kurwanya abayisilamiste bashamikiye kuri al-Qaida no ku muhari wa reta ya kiyisilamu. Iyo mihari yafashe igice kinini c’igihugu, yirukana mu ngo amamiliyoni y’abanyagihugu.

Itahuka ry’abasirikare hafi 400 b’Abafaransa rikurikiye icuka kibi gisanzwe hagati y’ivyo bihugu mu migenderanire.

Burkina Faso hamwe n’igihugu kibanyi Mali birongowe n’abasirikare biciye muri kudeta, haraheze imyaka ibiri. Abo bategetsi bemereye abanyagihugu babo kugarukana umutekano no gusubirana n’Uburusiya mu bijanye no gufashanyo mu kwivuna umwansi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG