Uko wahagera

Abakekwa Kuba Abajihadiste Barishe Abantu Bashika 25 muri Burkina Faso


France Burkina Faso
France Burkina Faso

Abantu bashika kuri 25, ahanini bagizwe n’abasivile, barishwe mu gitero c’abakekwa kuba abajihadiste, mu mpera z’indwi irangiye mu buraruko bwa Burkina Faso.

Buramatari w’intara ya Seno ubwo bwicanyi bwabereyemwo, Liyetena Colonel Rodolphe Sorgho, yavuze kuri uyu wa mbere ko komine ya Bani yatewe n’abakora iterabwoba ku musi wa gatandatu. Yavuze ko abasivile 22 hamwe n’abaporisi batatu bishwe, abandi barakomereka, hamwe n’ibikoresho vyononekaye.

Ibi bitigiri bishasha vyiyongereye incuro zirenga zibiri ku vya mbere vyatangajwe ku musi w’Imana vy’abantu 12 bishwe.

Ku musi wa gatandatu nyene, abajejwe umutekano bavuze ko abasirikare batandatu ba Burkina Faso bishwe n’igisasu batezwe mw’ibarabara mu buseruko bw’ibihugu.

Ibitero vyagirizwa abakekwa kuba abajihadiste birushiriza kwiyongera mu gihugu, aho hari ibice hafi 40 kw’ijana vy’igihugu reta itakigenzura. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG