Uko wahagera

Burkina Faso Yabohoje Abagore 62 n'Abana 4 Bari Banyurujwe


Bamwe mu babohojwe. Amasura yabo Ijwi ry'Amerika ryayanyegeje ku busabe bwabo.

Igisirikare ca Burkina Faso cemeje ko cabohoje abagore 62 n’impinja 4 bari bamaze indwi irenga baranyurujwe n’abakekwa kuba intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.

Tereviziyo y’igihugu muri Burkina Faso yerekanye amasanamu y’ababohojwe. Abanyurujwe bose banyururijwe mu gisagara citwa Arbinda kiri mu buraruko bwa Burkina Faso.

Igisirikare ca Burkina Faso, cemeye ko abanyurujwe bazohabwa ijambo, bakivugira ubwabo uko banyurujwe, n’ababanyuruje.

Kuva mu 2015, Burkina Faso ihanganye n’intagondwa ziyitirira idini ra Isilamu. Ibitero vy’izo ntagondwa bimaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi, vyangaza ababa imiriyoni 2.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG