Uko wahagera

Mali: Bombe Yahitanye Abasirikare ba ONU 3 Ikomeretsa 5


Abasirikare batatu bajejwe gucungera umutekano b'ishirahamwe ONU bishwe, abandi batanu barakomereka bikomeye cane igihe imodoka barimwo yaseka bombe mu gice co hagati mu gihugu ca Mali. Iyo nkuru yatangajwe n'ibiro vy'ishirahamwe ONU muri Mali, uno musi ku wa kabiri.

Abasirikare bajejwe gucungera umutekano b’ishirahamwe ONU batari musi ya 281 barishwe muri Mali kuva inteko z'iryo shirahamwe zitanguye gukorera muri ico gihugu mu mwaka w’i 2013.

Ni co gitigiri kinini cane c’inteko za ONU zijejwe umutekano zishwe mu bikorwa vyazo kurusha mu bindi bice vyo kw’isi.

Mali ihanganye n’umugumuko w’intagondwa z’abayislamu bashinze imizi muri ico gihugu inyuma ya kudeta yabaye mu mwaka w’i 2012.

Kuva ico gihe uwo mugumuko warakwiragiye mu gihugu uvuye mu bice vy’ubugaragwa biri mu buraruko bw’igihugu. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barahitanywe n’uwo mugumuko, mu gihe abandi imiliyoni n’imiliyoni bavuye mu vyabo mu karere kose ka Sahel.

Imwe mu mirwi ikora ibitero mu karere ka Sahel ikorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG