Uko wahagera

Uburusiya Buzobandanya Gushigikira Mali mu vya Gisirikare


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergey Lavrov, kumwe na mugenzi wiwe wa Mali, Abdoulaye Diop
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergey Lavrov, kumwe na mugenzi wiwe wa Mali, Abdoulaye Diop

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu yagendeye igihugu ca Mali mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri televiziyo y’igihugu ari kumwe na mugenzi we w’igihugu ca Mali, kuri uno musi wa kabiri, Sergey Lavrov yemanze ko igihugu ciwe kizobandanya gifasha Mali gukomeza igisirikare cayo.

Ari kumwe na Abdoulaye Diop, umushikiranganji wa Mali ajejwe imigenderanire , Lavrov yibukije ko mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’ 2021 igihugu ciwe cahaye Mali, indege za kajugujugu zo mu ngwano zitari nke kandi ko Uburusiya baugiye kubandanya bufasha.

Imfashanyo Uburusiya buha ico gihugu kimaze igihe kigwanya imigwi y’intagondwa za al Qaida n’iyiharanira reta ya kiislamu bugenda bwiyongera kuva igihugu c’Ubufaransa kivuye muri ico gihugu mu mwaka uheze.

Ubufaransa bwafashije Mali kugwanya intagondwa zari zarafashe uburaruko bw’igihugu mu mwaka wa 2013, ariko buhava burasokora mu mwaka uheze ku makenga y’uko igisirikare ca Mali cariko gikorana na Wagner Group Mercenarie,s umugwi w’abasirikare bigenga b’abacangero, bashigikiwe na reta y’Uburusiya.

Ubwo buciti hagati ya Mosku na Bamako bugenda butera amakenga ibihugu vyo mu burengero bw’isi. Ni mu gihe Mali ibandanya kunegurwa n’ibihugu bimwe bimwe kubera ugukorana n’iryo shirahamwe Wagner Group, ONU n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka muntu agasaba ko haba amatohoza ku bwicanyi bwakozwe n’uyo mugwi ukorana na reta.

Lavrov na Diop bompi barishuye kuri ivyo birego bavuga ko uwo mugambi wa ONU wo kugerageza gutohoza ikubagugwa rya kiremwa muntu ryoba ryarakozwe muri Mali ari ibikorwa vya gikoloni kandi ko ari umugambi wo guhungabanya umutekano muri Mali. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG