Uko wahagera

Tanzaniya Yarungikiye Mozambike Imfashanyo


Tanzaniya yatanguye kurungika imfashanyo z’ibifungurwa n’amahema mu gihugu kibanyi ca Mozambike. Izi mfashanyo zigenewe ibihumbi vy’abanyagihugu bahuye n’ingaruka z’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Freddy.

Abantu barenga 190 bakekwa kuba barapfuye, hamwe n’abashika 584 bakomeretse, na 37 bavugwa ko baburiwe irengero muri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu, umuyobozi w’imfatakibanza ajejwe itangazamakuru mu gisirikare, Gaudentius Ilonda, yavuze ko Tanzaniya yarungitse amatoni 1.000 y’ifarini, uburengeti 6.000, amahema 50 hamwe na kajugujugu zibiri zo gutabara.

Ilonda yavuze ko amakamyo 37 yategekanijwe gutwara izo mfashanyo zatanzwe na reta ya Tanzaniya.

Mu ndwi iheze, prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, yararungikiye mugenzi wa Mozambike, Filipe Nyusi, ubutumwa bwo kumuhoza kuvyago vyashikiye igihugu ciwe.

Abategetsi ba Tanzaniya bavuze ko utwigoro twa Tanzaniya two gutanga imfashanyo tuzofasha abanyagihugu mu bice vyasinzikajwe n’ico gihuhusu kivanze n’imvura. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG