Uko wahagera

Igihuhusi Freddy Cahitanye Abashika 100 muri Malawi


Cyclone Freddy hits Blantyre
Cyclone Freddy hits Blantyre

Muri Malawi, ikigo kijejwe gukinga ibiza cavuze kuri uyu wa mbere ko abantu hafi 100 bishwe n’igihuhusi kivanze n’imvura caciye mu birere vyo mu bumanuko bw’igihugu. Ico gihuhusi cataziriwe Freddy caciye mu karere ko mu bumanuko bw’umugabane wa Afrika mu mpera z’indwi iheze. Hambavu y’abapfuye muri Malawi, cakomerekeje abandi 134 hamwe n’abandi 16 baburiwe irengero.

Komiseri w’ico kigo, Charles Kalemba, yavuze ko vyitezwe ko ico gitigiri ciyongera. Yavuze kandi ko abantu barenga 10.000 bahuye n’ingaruka z’ico kiza.

Prezida, Lazarus Chakwera, yatangaje ko intara yo mu bumanuko bwa Malawi ishizwe mu bihe vy’ivyago. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG