Uko wahagera

Abahitanywe n'Igihuhusi Freddy Barenze 200


Igihuhusi Freddy cabiciye bigacika mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko ku ncuro ya kabiri mu kiringo c'ukwezi kumwe cahitanye abantu 206 mu bihugu vya Malawi na Mozambique kuva ku musi wa gatandatu w'indwi irangiye. Bikaba vyitezwe ko ico gitigiri ciyongera.

Abategetsi ba Malawi, uno musi ku wa kabiri, batangaje ko imvura y’isegenya yatumye haba imyuzure n’isenyuka ry’imisozi yahitanye abantu 199 muri ico gihugu. Prezida wa Malawi, Lazarus Chakwera, yatangaje amategeko yo mu bihe vy’ibiza mu bice vyo mu bumanuko bw’igihugu no ku murwa mukuru w’ubutunzi, Blantyre. Abantu bagera ku 19.000 bavuye mu vyabo mu bumanuko bw’igihugu.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Stephane Dujarric, yatangaje ko umuyagankuba n’uburyo bw’uguhanahana amakuru vyacitse mu bice bitari bike vyasinzikajwe n’igihuhusi Freddy. Yamenyesheje ko abajejwe gutabara batarashobora gushikira vyinshi mu bice vyasinzikaye. Kubera izo mvo yatangaje ko ivyononekaye bitaramenyekana neza gushika ubu.

Amakuru atangazwa n’ikigo c’igihugu kijejwe guhangana n’ibiza muri Mozambike, uno musi ku wa kabiri, cemeje ko bantu 17 bapfuye mu gihugu mu gihe inzu 1.900 zasambutse mu ntara ya Zambeziya yegereye ibahari. Abantu ibihumbi n’ibihumbi baracari mu bibanza bateganirijwe vy’ukwikingiramwo igihuhusi Freddy. Ico gihuhusi kibandanya kugeramira ibice vyo hagati muri Mozambike no mu bumanuko bwa Malawi n’imvura y’isegenya imbere y’uko gisubira mw’ibahari Indiyana ku muhigamo w’ejo ku musi wa gatatu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG