Uko wahagera

Prezida wa Malawi Asaba Imfashanyo yo Kugarukira Igihugu


Umuntu yakomeretse ariko arafashwa ku murwa mukuru Blantyre, muri Malawi, kw'itariki ya 13/03/2023
Umuntu yakomeretse ariko arafashwa ku murwa mukuru Blantyre, muri Malawi, kw'itariki ya 13/03/2023

Prezida wa Malawi kuri uyu wa gatatu yasavye imfashanyo amakungu inyuma y’aho igihugu ciwe gisanganguwe n’igihuhusu c’imvura ciswe Freddy. Cateye imyuzure hamwe no gusenyura udusozi vyahitanye abanyagihugu amajana.

Ico gihuhusu kivanze n’imvura caciye ku nkengera z’umugabane wa Afrika mu mpera z’indwi iheze. Bwabaye ubugira kabiri mu kiringo kiri munsi y’indwi zitatu ako karere gasinzikazwa n’ivyo biza.

Prezida Lazarus Chakwera, yavuze ko urugero rw’ivyononekaye rurengeye ubushobozi igihugu gifise. Yabivuze igihe yariko aratangaza ko igihugu kigiye kumara indwi zibiri mu kigandaro.

Reta yemeye gufashisha umuriyaridi 1.6 w’amakwaca, akoreshwa muri Malawi, ni ukuvuga umuriyoni 1.5 w’amadolari. Abahuye n’ingaruka z’iyo myuzure kandi bakeneye gufashwa baharurwa mu bihumbi amacumi. Abategetsi bavuga ko abantu bashika 255 bapfuye, abandi amajana barakomereka.

Ikirere cari citezwe gucureha, ariko abahinga mu bijanye n’ikirere bavuga ko imvura ishobora kubandanya igwa mu duce tumwe na tumwe muri Malawi.

Mu gihugu kibanyi, Mozambike, iyo mvura yahitanye abantu 53, nkuko Prezida Filipe Nyusi yabishikirije. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG