Uko wahagera

Abahitanywe n'Igihuhusi Freddy Bageze ku 190


Ibarabara ryasenyuwe n'igihuhusi Freddy
Ibarabara ryasenyuwe n'igihuhusi Freddy

Igitigiri c'abahitanywe n'igihuhusi ciswe Freddy cabaye ku musi wa gatanu w'indwi irangiye muri Malawi, kigeze kw' 190 kivuye kuri 99 cari catangajwe imbere y’aho. Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa kabiri, n'ikigo c'igihugu kijejwe guhangana n'inkurikizi z'ibiza.

Freddy, kimwe mu bihuhusi bikomeye cane mu mateka mu karere ko mu bumanuko bw’isi, kandi ari co camaze igihe kirekire kurusha ibindi vyabaye imbere y’aho, cahitanye abantu batari bake, congera conona ibitari bike muri Malawi na Mozambike. Ni inyuma y’uko gishitse ubugira kabiri mu kiringo c’ukwezi kumwe muri ivyo bihugu vyompi mu mpera z’indwi irangiye.

Itangazo ry’ikigo c’igihugu kijejwe guhangana n’inkurikizi z’ibiza muri Malawi catangaje ko abantu 584 bakomeretse mu gihe irengero ry’abandi 37 ritazwi.

Igisagara ca Blantyre ni co cansinzikaye kurusha ibindi bice vyo mu gihugu. Imvura y’isegenya n’imyuzure vyarasenyuye amabarabara n’ibiraro, bituma ibikorwa vyo gutabara, bigeramirwa.

Igihuhusi Freddy carasambuye kandi ibitari bike muri Mozambike, inyuma y’uko kigarutse, mu mpera z’indwi irangiye ubugira kabiri muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG