Uko wahagera

Vyitezwe ko Igihuhusi Freddy Giturura


Ivyabomowe n'igihuhugi Freddy
Ivyabomowe n'igihuhugi Freddy

Vyitezwe ko Igihuhusi Freddy guturura uno uno musi ku wa gatatu inyuma y'uko gisinzikaje bikomeye ibihugu vya Malawi na Mozambike. Ivyo biza guha agahengwe abanyagihugu baba muri ako karere kasinzikajwe bikomeye n’imvura y’isegenya hamwe n’imiyaga ikomeye cane.

Igihuhusi Freddy cahitanye abantu batari musi y’amajana abiri na mirongo ibiri na batanu mu ntara yo mu bumanuko bwa Malawi, harimwo igisagara ca Blantyre. Abategetsi bo mu karere batangaje ko abandi bantu 88.000 baravuye mu vyabo.

Mu gihugu kibanyi ca Mozambike, abategetsi bavuga ko abantu batari musi ya 20 bapfuye kuva igihuhusi Freddy gishitse mu gisagara kirimwo ikivuko ca Quelimane, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Abantu barenga 45.000 baracari mu bibanza vyategekanijwe kubakira, mu ihe ibilometero kwadarato 1.300 bikiri musi y’amazi. Guilherme Botelho, akwirikirana

imigambi yihutirwa y’ishirahamwe rijejwe gutabara, “Medecins Sans Frontieres” mu gisagara ca Blantyre yatangaje ko abapfuye, abakomeretse n’abo irengero rayabo ritazwi ari benshi.

Kolera ishobora kwiyongera kurushiriza muri Malawi yari isanzwe ihanganye n’ico kiza. Bothelo yatangaje ko ivyo bishobora gushika cane cane mu gisagara ca Blantyre aho igikorwa c’ugukingira abanyagihugu ico kiza kitaranguwe neza. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG