Uko wahagera

Amerika Yemereye Nijeri Imfashanyo muvyo Umutekano n'Ubutunzi


Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken, aramukanya na perezida wa Nijeri Mohamed Bazoum i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 16/03/2023.
Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken, aramukanya na perezida wa Nijeri Mohamed Bazoum i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 16/03/2023.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, kuri uyu wa kane yemereye Nijeri imfashanyo.

Blinken niwe mutegetsi wa Amerika wo ku rwego rwo hejuru agendeye ico gihugu cahoze mu bukoroni bw’Ubufaransa. Nijeri icumbikiye abasirikare b’Ubufaransa n’aba Amerika, bahari mu gufasha kurwanya iterabwoba ku karere ka Sahel.

Blinken yabwiye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Niamey kuri uyu wa kane ko Nijeri ari igihugu kidafise uburambe muvya demokarasi.

Inyuma yo kuganira na Prezida Mohamed Bazoum, Blinken, yahavuye atangaza iyo mfashanyo nshasha y’imiriyoni 150 z’amadolari. Yavuze ko igenewe akarere ka Sahel karimwo na Nijeri, kimwe mu bihugu bikenye kw’isi.

Muri uyu mwaka Amerika imaze guha ako karere imiriyoni 233 z’amadolari, zifasha mu bifungurwa n’abimukira bahunze intambara muri Libiya.

Blinken yavuze kandi ko Amerika yiteguye gukorana na Nijeri mu bibazo bitari bike harimwo n’ibijanye n’ibidukikije. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG