Uko wahagera

Abarobeli ba M23 Bavuye mu Bice Bigaruriye mu Buseruko bwa RDC


Abarobeli ba M23 bava mu duce twa Kibumba, hafi ya Goma, mu butraruko bwa RDC, kw'itariki ya 23/12/2022.
Abarobeli ba M23 bava mu duce twa Kibumba, hafi ya Goma, mu butraruko bwa RDC, kw'itariki ya 23/12/2022.

Abarobeli b’umuhari M23, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo bavuye mu bice bitari bike bari barifatiye, imbere yuko inteko z’akarere zirungikwa muri ivyo bice. Ibi vyashikirijwe n’abategetsi bo muri ako karere kuri uyu wa kane.

Haribonekeje agahengwe ku rubuga rw’intambara, inyuma y’aho uwo muhari wasa n’uwegereje igisagara ca Goma.

M23, ni umuhari reta ya Kongo ivuga ko ushigikiwe n’u Rwanda. Warafashe ibice bitaro bike mu ntara ya Kivu y’uburaruko kuva wongeye gutera mu mpera za 2021.

Ibihugu indwi bihurikiye muri EAC vyaratanguye kurungika inteko mu buseruko bwa Kongo mu kwezi kwa cumi na kumwe kugira bagarukane ituze muri iyo ntara. Ariko nticabujije ko M23 n’igisirikare ca FARDC bibandanya bitana mu mitwe.

Kuri uyu wa kane, Alphonse Habimana, arongoye ishirahamwe ryo muri sosiyete sivile i Mweso muri Kivu y’uburaruko, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko M23 wavuye muri ako karere. Yavuze ko basubiye inyuma ku birometero bitatu.

Inteko za EAC zahawe igikorwa co gucungera ko M23 uva mu turere wigaruriye.

Umutegetsi wo muri izo nteko z’akarere, atashimye gutanga imyidondoro yiwe, yavuze ko abo barobeli bakinjuye mu turere tutari duke two muri teritware ya Masisi muri Kivu y’uburaruko, mu burengero bwa Goma.

Yongeyeko ko abasirikare b’Abarundi bo mu nteko za EAC baza baratanguye kuja muri ako karere.

Ariko bamwe mu banyagihugu bo bavuga ko ari amayeri ya M23 yo kwisuganya ngo bazoce basubira gutera gushasha. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG