Uko wahagera

Intumwa z'Akanama ka ONU muri RDC Zakemuye Iki?


Abagiraneza hamwe n'intumwa z'akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano bagendera abateshejwe izabo mw'ikambi y'i Bushangara, mu buraruko bwa Goma, kw'itariki ya 12/03/2023
Abagiraneza hamwe n'intumwa z'akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano bagendera abateshejwe izabo mw'ikambi y'i Bushangara, mu buraruko bwa Goma, kw'itariki ya 12/03/2023

Intumwa z’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano zarangije kuri uyu w’Imana urugendo rw’imisi itatu zarimwo muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Izo ntumwa zavuze ko umuti wa poritike ari wo ukwiye kurangiza intambara yatewe n’abarobeli ba M23.

M23 yarafashe uturere two mu ntara ya Kivu kuva wongeye gutangura kurwana mu mpera z’umwaka wa 2021. Abarwanyi ba M23 barateye intambuko kandi mu ntambara mu misi iheze, ku buryo hari ubwoba ko bashobora kuzibira amabarabara yose agana mu gisagara Goma. Ico gisagara kiri ku rubibe n’u Rwanda kibamwo abantu barenga umuriyoni umwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rivuga ko gutana mu mitwe hagati y’abasirikare ba Kongo, FARDC, hamwe na M23 kumaze gukura mu ngo abanyagihugu barenga 800.000.

Izo ntumwa z’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano zashitse ku musi wa kane ku murwa mukuru wa Kongo, Kinshasa, imbere yo kuja i Goma ku musi wa gatandatu. Barabonanye na Perezida, Felix Tshisekedi. I Goma baraganiriye n’abategetsi b’aho, abaserukira abanyagihugu, bongera bagendera amakambi yahungiyemwo abantu.

Ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU, Nicolas de Riviere, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana ko M23 ibwirizwa kuva mu turere yigaruriye. Yongeyeko ko bitagikenewe gusobanura, ko ata nteka u Rwanda rushigikiye uwo muhari. Ariko, De Riviere, yavuze ko ibiganiro ari yo nzira yonyene izotorera umuti iyo ntambara.

Ambasaderi wa Gabon muri ONU, Michel Xavier Biang, nawe yabwiye abamenyeshamakuru ko diporomasiya ari yo ikwiye guhabwa ikibanza.

Urugendo rw’izo ntumwa rubaye inyuma y’aho ihagarikwa ry’intambara ryaganiriweko muri Angola ritubahirijwe. Eka n’utundi twigoro twabaye two guhagarika intambara twumvikanweko imbere y’aho ntitwubahirijwe.

Abategetsi bajejwe umutekano mu karere bavuze ko ku musi wa gatandatu, abasivile batanu bapfuye mu gutana mu mitwe kwabaye hagati ya M23 na FARDC. Iyo mirwano yabereye mu gisagara ca Kahumiro, ku birometero 120 mu buraruko bwa Goma.

Reta ya RDC yagiriza u Rwanda gushigikira M23. Abahinga ba ONU, Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubufaransa, hamwe n’ibindi bihugu bitari bike vyo mu burengero bw’isi baremeje ko u Rwanda rufasha uwo muhari. U Rwanda ariko rurabihakana. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG