Uko wahagera

Guterres Asaba M23 Kubahiriza Kuva mu Turere Wigaruriye Guhera Kuri Uyu wa Kabiri


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa mbere yasavye umuhari w’abarobeli wa M23 muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo kwubahiriza ihagarikwa ry’imirwano. Awusaba no kuva mu bice wigaruriye.

Umuhari M23 warafashe uturere mu buseruko bwa Kongo kandi usa n’uwegereje kuzinguruka igisagara ca Goma.

Umuvugizi wa Guterres, Stephane Dujarric, avuga ko asaba M23 kwubahiriza uguhagarika intambara kugira vyorohe ko uva mu bice vyose wafashe mu buseruko bwa RDC.

Dujarric avuga ko umunyamabanga mukuru wa ONU anegura ubwicanyi bwose bukorerwa abasivile kandi agasaba imirwi y’abarwanyi yose y’abakongomani n’abanyamahanga gushira hasi ibirwanisho ataco barinze gusaba.

Mu rugendo rwiwe muri RDC mu ndwi iheze prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yarabonanye na bagenzi we ba Kongo Felix Tshisekedi, n’abaperezida ba Angola n’u Rwanda. Yavuze ko impande zose zigiye gushira ibirwanisho hasi kuva kuri uyu wa kabiri. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG