Uko wahagera

M23 Ntiyubahirije Kuva Mu Turere Yigaruriye


Abarobeli ba M23 mu gisagara ca Kibumba, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, kw'itariki ya 23/12/2023
Abarobeli ba M23 mu gisagara ca Kibumba, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, kw'itariki ya 23/12/2023

Amakuru ava mu baba mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo avuga ko kuri uyu wa kabiri abarobeli b’umuhari M23 babandanije kurwana mu buseruko bw’ico gihugu. Kuri uyu wa kabiri niho babwirizwa gutangura kuva mu birindiro bifatiye nkuko vyari mu mugambi w’akarere.

Kw’itariki ya 17 z’ukwa kabiri, abakuru b’ibihugu vya EAC basavye imihari yose yitwaje ibirwanisho kuva mu bice yafashe mu buseruko bwa Kongo hatarenze itariki ya 30 z’ukwa gatatu.

Uko kuva mu birindiro barimwo kuzokorwa mu mice itatu. Uwa mbere wategerezwa gutangura kuri iyi tariki ya 28 z’ukwa kabiri. Ariko abarobeli ba M23 babandanije imirwano mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Ku musi wa mbere, uwo muhari warafashe igisagara ca Mweso, kiri ku birometero hafi 100 vya Goma, umurwa mukuru w’iyo ntara.

Umutegetsi wo mu bajejwe umutekano atashimye ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ko ugutana mu mitwe na M23 kwabandanije kuri uyu wa kabiri hafi ku birometero 30 mu burengero bwa Goma.

Repuburika ya demokarasi ya Kongo yagiriza igihugu kibanyi u Rwanda gushigikira M23. Ibi vyagiriji bitangwa kandi n’abahinga bigenga ba ONU, Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ibindi bihugu vya Buraya. Ariko u Rwanda rurabihakana. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG