Uko wahagera

Prezida wa Kongo Asabira Ibihano u Rwanda


Prezida w'u Rwanda ari kumwe n'uwa Kongo
Prezida w'u Rwanda ari kumwe n'uwa Kongo

Prezida wa Gabon Ali Bongo yagenywe mu mabanga y’umukuru w’umuryango wo guhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu vya Afurika yo hagati, CEEAC.

Prezida Bongo asubiriye prezida wa Kongo Félix Tshisekedi yari amaze umwaka atwara uwo muryango.

Mw’ijambo Tshisekedi yavuze atanga ubutegetsi bwa CEEAC, yasabiye u Rwanda ibihano. Tshisekedi yagirije u Rwanda ico yise “Agasomborotso rukora kuri Kongo no gushigikira abarwanyi ba M23”

Mu nama igira 22 y’umuryango wa CEEAC yaraye ibereye I Kinshasa muri Kongo, uwo muryango nawo nyene warateye ivyatsi abarwanyi ba M23, ariko ntiwigeza uvuga ko hari uruhara u Rwanda rufise mu bikorwa bitandukanye vy'abarwanyi M23.

Ku bihugu 11 bigize uwo muryango, u Rwanda ni rwo rwonyene rwakurikiye iyo nama biciye ku buhinga bwa none, aho rwari ruhagarikiwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire yarwo n’ayandi makungu, Vincent Biruta.

U Rwanda ntaco ruravuga ku majambo ya prezida wa Kongo: Gusa, akatari gake Kongo, bahinga ba ONU n’ibihugu birimwo ivya Buraya vyarwagirije gushigikira M23 rwabihakanye rwivuye inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG