Uko wahagera

Somaliya: Abagera kuri 9 Bahitanywe na Bombe Zatezwe mu Muduga


Mu gihugu ca Somaliya, abantu bavyiboneye batangaje ko abatari musi y'icenda, barimwo abasirikare 5, bishwe igihe imodoka yari yuzuye amabombe yaturikira imbere y’inyubakwa abantu bari mu buruhuko bashikiramwo iri mu bumanuko bw'igihugu mu gisagara ca Bardhere mu ntara ya Gedo.

Ibrahim Aden yavuze ko yiboneye n’amaso yiwe abantu batari bake, barimwo incuti ziwe za kure 2, bakomeretse. Suleyman Hassan, akorana n’umukuru w’igipolisi co mu karere ka Gedo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press ko Bulamatari waho n’abategetsi bakomeye b’igisirikare bakomeretse, bajanwa ku murwa mukuru, Mogadisho.

Umurwi w’intagondwa, al-Shabab wemanze ko ari wo wakoze ico gitero cabaye igihe abasirikare b’intwazangabo n’abategetsi b’intara ya Gado bariko batangura kwinjiza ababa muri iyo ntara mu gikorwa co kubafasha gutuza abarwanyi ba al-Shabab mu bice vya Middle na Lower Jubba.

Intagondwa za al-Shabab zimaze igihe kirekire zikora ibitero muri Somaliya aho ziriko zirondera gutembagaza reta ihari kugira zishireho reta igendera ku mategeko ya kiyislamu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG