Uko wahagera

Ibihugu Bibanyi na Somaliya Bizorungika Izindi Nteko Gufasha Kurwanya Al Shabab


Abajejwe umutekano ba Somaliya mu bikorwa vyo gukizura mu mabarabara y'i Mogadishu, kw'itariki ya 21/02/2023
Abajejwe umutekano ba Somaliya mu bikorwa vyo gukizura mu mabarabara y'i Mogadishu, kw'itariki ya 21/02/2023

Ibihugu bitatu bibanyi na Somaliya vyemeye kuzorungika izindi nteko gufasha abasirikare b’ico gihugu kurwanya al-Shabab, mu ciswe igice ca gatatu c’ibikorwa vya gisirikare.

Umuhanuzi wa perezida wa Somaliya mu bijanye n’umutekano, Hussein Sheikh-Ali, yavuze ko Jibuti, Etiyopiya na Kenya bizorungika izindi nteko ziyongera kuzo basanzwe bafiseyo. Ariko yanse gutanga igitigiri nyezina c’abo bandi basirikare b’inyongera bitezwe mu gihugu ciwe.

Abaperezida b’ivyo bihugu bitatu barahuye mu nama batumweko na perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud kw’itariki ya 1, ukwezi kwa kabiri i Mogadishu. Barangije bemeranije gutegura no gukorera hamwe mu kurondera no gusangangura al-Shabab mu bice bitandukanye uwo muhari ufise ibirindiro.

Matt Bryden, umuhinga muvy’umutekano mu karere k’ihembe rya Afrika, yavuze ko kwongereza izo nteko bishobora kuzonyarutsa gutsinda al-Shabab. Ariko avuga ko uwo muhari wafashe umukenyuro wo gusanzaza abarwanyi bawo no kutaza uritega abasirikare ba reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG